Ikibuga ca Jomo Kenyatta cahiye

  • 7 Ukw’umunani 2013
Umuriro ku kibuga c'indege Jomo Kenyatta
Image caption Umuriro ku kibuga c'indege Jomo Kenyatta

Inkongi y'umuriro yahutse ikibuga c'indege mpuzamakuru ca Jomo Kenyatta mu muji wa Nairobi muri Kenya.

Ico kibuga c'indege caciye cugarwa, bituma ingendo z'indege zihungabana mu karere.

Amajana y'ingenzi yaheze ku kibuga ca Jomo Kenyatta in Nairobi, kikaba arico ca mbere cakira ingenzi nyinshi mu buseruko bwa Afrika.

Ingendo nyinshi z'indege zaciye zimurirwa mu muji wa Mombasa.

Nta makuru y'aboba bakomeretse aramenyekana, kandi abajejwe intwaro muri Kenya bavuga ko uwo muriro wazimijwe.

Ariko ababikurikiraniye hafi bavuga ko abajejwe gutabara no kuzimya umuriro batabaye bitonze cane.