Afghanistan: Igisasu cahitanye abantu kw'irimbi

Image caption Perezida Karzai ashikiriza ijambo inyuma y'amasengesho ya Eid al Fitr

Umuvugizi wa bulamatari w'intara ya Nangarhar yabwiye BBC ko abantu batari munsi ya 14 bahasize ubuzima.

Bari bagiye ku mva y'uwari umugore w'umukuru w'umuryango, aho bari baramutse bahimbaza umunsi mukuru wa Eid al Fitr, urangiza amapfungo ya Ramadan.

Mw'ijambo yashikirije inyuma y'amasengesho y'uno munsi iKabul, perezida wa Afghansitan Hamid Karzai, yahamagariye aba Taliban guhagarika kwica abanyagihugu ataco bazira.

Abasaba ko bagahanvya umugambi w'amahoro.