Ikibuga c'indege ca Nairobi kirongera gukora

Image caption Abarindiriye ku kibuga c'indege ca Jomo Kenyatta 07/08/2013

Indege nkeyi zafata ingendo zo mu mahanga zamaze gutangura gukoresha ikibuga c'indege ca Jomo Kenyatta cari cadutsemwo umuriro ejo mu gatondo.

Indege yahashitse ubwa mbere yari iturutse iLondres.

Hari n'izindi zahashitse ziturutse Thailand no muri Tanzania.

Abajejwe itohoza baracakizura igice cahiye ngo barabe icateye uwo muriro.

Uwo muriro nta muntu wahitanye, ariko waburijemwo ingendo nyinshi cane cane mu karere ka Afrika y'ubuseruko.