Papa arakomeje igikorwa co kurwanya ruswa

Image caption Vatican

Papa yatanze itegeko rizokwisungwa mu gucungera inyuruzwa ry'amafaranga no kurinda ko hari amafaranga yocishwa iVatican agashika mu minwe y'abakora iterabwoba.

Iyo niyo ngingo iheruka mu rutonde rw'izindi nyinshi Papa yafashe, mu ntumbero yo gukingira amabanki ya leta ya Vatican - ari nayo bigega vya Ekleziya Katolika - gukoreshwa mu bugizi bwa nabi.

Papa yaheruka kugena umurwi yashinze gukora iperereza kuri banki, ukamushikiriza we nyene ubwiwe ico washitseko.

Mu kwezi guheze Vatican yafatiriye ama comptes y'umwe mu bihebeye Imana, yaketswe ko icaha co gucisha kuri compte amafaranga avuye mu nzira zitemewe n'amategeko.