Zimbabwe: Umurwi w'amatora wemeye utunenge

Image caption Zimbabwe, ikarata yo gutorerako

Umurwi ujejwe amatora muri Zimbabwe uremeza ko abantu bagera ku bihumbi 300 basubijwe inyuma badatoye.

Uwo murwi uremeza kandi ko abandi bagera ku bihumbi 200 bafashijwe gutora, bigashoboka ko boba barohejwe mu guhitamwo kwabo.

Uwo murwi ariko uremeza ko utwo tunenge ataco dushobora guhindura ku ntsinzi ya perezida Robert Mugabe.

Morgan Tsvangirai yarushijwe mur'ayo matora, yavuze ko yibwe cane kandi ko agiye kwitura ubutungane.