Ingunga ya kabiri y'amatora muri Mali

Bimwe mu biro vy'amatora
Image caption Bimwe mu biro vy'amatora

Abanyagihugu muri Mali bazindukiye mu ngunga ya kabiri y'amatora y'umukuru w'igihugu.

Benshi bibaza ko uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Ibrahim Boubacar Keita, yaronse 40% mu ngunga ya mbere, ashobora gutsinda uwahoze ari umushikiranganji ajejwe ubutunzi Soumaila Cisse.

Aya matora akuriye umwaka urenga w'imvururu zaranzwe n'itembagazwa ry'ubutegetsi hamwe n'irungikwa ry'abasirikare b'Ubufaransa kurwanya abarwanyi ba ki Islam mu buraruko bw'igihugu.

Uwutahukana intsinzi azogenzura ikoreshwa ry'amahera imiriyaridi zine z'ama dollar y'imfashanyo yo gusanura ico gihugu co mu burengero bwa Afrika.

Abasirikare 12600 b'umugwi wa ONU bahagarariye amahoro bariko barashika muri Mali, mu gihe Ubufaransa buriko burakurayo abasirikare babwo 3000.

ONU ivuga ko ayo amatora ari nkenerwa kugira hasubizweko intwaro iciye mu mategeko, habashe gutangura ibiganiro vyo kwiyunga.