Kerry: Abanyapalestina ntibacike intege z'ibiganiro

Image caption John Kerry, ajejwe ububanyi n'amahanga muri leta ya USA

Umushikiranganji w'imigenderanire wa leta zunze Ubumwe za Amerika John Kerry, yavuze ko ingingo ya Israel yo ku munsi w'Imana yo gutanga amacumbi mashasha yasa n'iyitezwe.

Ariko yongeyeko ko leta ya Washington ifata ko iyo ngingo idaciye mu mategeko, akavuga ko vyerekana ko ari nkenerwa kuja mu biganiro vuba.

Abaserukia Abanyapalestina mu biganiro bagiriza Israel ko ishaka kuburizamwo ivyo biganiro.

Umuvugizi wa Israel arahakana ivyo igihugu ciwe cagirizwa, akavuga ko igihe cose bagiye mu biganiro bemeranije ko uduce tumaze gutangwamwo amacumbi duhinduka uturere twegukira Israel.

Mu nyuma abategetsi ba Israel batangaje imyirondoro y'imbohe z'Abanyapalestina 26 zimaze igihe kirekire mu mvuto, zirekurwa uno munsi.

Uyu munsi niho vyamenyekana ko ubutegetsi bw'igisagara bwa Yerusalemu bwemeje ko hubakwa amazu 900 hafi y'ikirwati c'Abayahudi ca Gilo mu buseruko bwa Yerusalemu.

Umwe mu bajanama bo mu gisagara yamenyesheje ko igikorwa co kubaka ayo mazu kitazotangura vuba.

Abayahudi baharurwa mu 500,000 baba mu bibanza bigera kw'ijana vyubatswe kuva mu 1967, Israel imaze kwigarurira uturere twa Cisjordanie n'ubuseruko bwa Yerusalemu.

Ayo macumbi afatwa ko atemewe hakurikijwe amategeko mpuzamakungu, ariko ivyo Israel ntivyemera.