Inama y'umutekano iriga ku kibazo ca Centrafrika

Image caption Abarwanyi ba SELEKA bagifata Bangui

Inama nkuru y'umutekano kw'isi yize ku kibazo c'uburyo abanyagihugu ba Centrafrika bakomeza kubangamirwa.

Abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu baheruka kugendera Centrafrika bavuga kw'ico gihugu gikomeza kurangwamwo akajagari, nayo miliyoni n'igice y'abanyagihugu baho ngo bakeneye gufashwa vyihuta.

Izo ntumwa ziter'akamo amakungu ko gufasha inteko z'Ubumwe bwa Afrika zisanzwe ziri muri Centrafrika, ziharurwa mu bihumbi bitatu.

Mur'ico gihugu ngo higanje kudakurikiza amategeko, ubusuma n'ihohotera rifatiye ku gitsina, kuva aho imirwi yitwaje ibirwanihso yiyunze mu runani SELEKA ikuriye perezida Bozize mu kwezi kwa gatatu.