Misiri: Ibibanza vy'imyiyerekano vyashenywe

Image caption Ahabera imyiyerekano hasambuwe

Abajejwe umutekano mu Misiri bamaze amasaha mare mare, bahangana n'abari mu myiyerekano yo gushigikira Mohammed Morsi kugirango basambure ikibanza gikuru bari bacumbitsemwo.

Ikirere hejuru y'ico kibanza hafi y'umusigiti wa Rabaa al-Adawiya cuzuye umwotsi w'amapine yaturiwe.

Ico kibanza cari cazingirikiwe, ariko hasubiye kwaduka akaguma mu mabarabara ya hafi, igihe abari mu myiyerekano bashaka kuhaza ku gahato.

Umunyamakuru wa BBC avuga kw'abari mu myiyerekano bariko batera amabuye, mu gihe abajejwe umutekano nabo bishura n'ibirwanisho.

Avuga ko abajejwe umutekano bashoboye kugarura mu minwe yabo ibitaro vyo mur'ako gace.

Ibiharuro vy'abahasize ubuzima bitangwa n'impande zitandukanye birahushanye cane.

Muslim Brotherhood ivuga ko abagera ku majana bahasize ubuzima, nayo ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bukavuga ko abapfuye ari 23 hafi y'umusigiti, no mu kindi kibanza c'imyiyerekano casambuwe kare mu gitondo.

Hagat'aho umugambwe Muslim Brotherhood wahamagariye abawushigikiye kuja mu mabarabara.

Hari amakuru avuga ko igipolisi cabujije umurwi w'abantu washaka guhanvya abari mu myiyerekano.

Bivurwa ko abantu baharurwa mu bihumbi bari bakoraniye ku musigiti wo mu burengero bwa Cairo, aho imodokari y'igipolisi yaturirirwe.

Amabarabara atari make mu muji wa Cairo yugawe, amwe yugaywe n' umugambwe Muslim Brotherhood, ayandi nayo n'igisirikare.

Inzira za gari ya moshi zija canke ziva mu gisagara ca Cairo nazo zahagaritswe.

Abashigikiye Morsi bugaye amayira aja mu kindi gisagara kinini ca Alexandria.

Hari kandi imyiyerekano muri Giza na Aswan

Abari mu mtiyerekano bamaze indwi zitandatu bacumbitse hanze y'umusigiti wa Rabaa al-Adawiya no mu kibuga ca Nahda.