MSF yugaye ibikorwa vyayo muri Somalia

Image caption Dr Unni Karunakara, umukuru wa MSF

Umukuru wa MSF ku rwego mpuzamakungu Dr Unni Karunakara, yavuze ko iryo shirahamwe vyabaye ngombwa ko rifata ingingo yo kugara ibikorwa muri Somalia kuber'ibitero ku bakozi baryo.

Umukuru wa MSF aravuga kw'ingingo yo kugara yabagoye kurusha izindi zose bamaze gufata.

Kuva iryo shirahamwe ritangura gukorera muri Somalia, abakozi baryo 16 baramaze kwicwa abandi 2 bari bafashwe ingwati mu 2011 baherutse kurekurwa.