Misiri: Abarenga 500 barahasize agatwe

Bamwe mu baguye mu kaguma k'ejo mu Misiri
Image caption Bamwe mu baguye mu kaguma k'ejo mu Misiri

Uko igikorwa c'igisirikare cagenze ejo mu Misiri biratanguye kwigaragaza, leta mfatakibanza ikavuga ko abantu barenga 500 bahasize ubuzima.

Ibibanza umugambwe Muslim Brotherhood wari wagize ibirindiro vy'imyiyerekano vyarasambuwe, uwo mugambwe ukavuga ko abahasize ubuzima barenga ibihumbi bibiri.

Amaziko ariko araba hirya no hino mu muji wa Cairo, hakaba kandi hateguwe ingendo zo kwiyamiriza ivyabaye ejo, ziza kuba ku mugoroba.

Ibitangazamakuru vya leta bivuga ko abajejwe ubutungane mu Misiri bongereje iminsi mirongo itatu ku gifungo ca Mohamed Morsi, uwari umukuru w'igihugu yatembagejwe.

Amaze indwi zitandatu apfunzwe n'igisirikare, akaba ari ahantu hatazwi.

Impungenge mu makungu

Ubufaransa hamwe n'Ubudage vyahambije Ubwongereza mu guhamagaza abaserukiye Misiri muri ivyo bihugu, bakabasaba guhagarika ubwicanyi.

Umukuru w'Ubufaransa, Francois Hollande, yavuze ko ari ngombwa ko amategeko y'ibihe bidasanzwe akurwako vuba, akaba yashizweko ejo n'igisirikare ca Misiri.

Denmark yahagaritse imfashanyo yatanga mu migambi ibiri y'iterambere yakorana na leta ya Misiri, inavuga ko izosaba ibindi bihugu vyo mu muryango wa Buraya ngo bigire uko nyene.

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Tayyip Erdogan, yasavye inama y'umutekano ya ONU hamwe n'ishirahamwe ry'Abarabu ngo bagire ico bakora.

Papa Francis yasavye ko hagaruka amahoro, ibiganiro hamwe n'ubwiyunge.