Misiri: Abajejwe umutekano barashe abiyerekana

  • 16 Ukw’umunani 2013
Ibintu vyacitse i Cairo
Image caption Ibintu vyacitse i Cairo

Abajejwe umutekano mu muji wa Cairo mu Misiri barashe ku bari mu myiyerekano bashigikiye Muslim Brotherhood, bise iy'ishavu kubera ubwicanyi bwo kuwa Gatatu.

Umwanditsi mukuru wa BBC mu burasira zuba bwo hagati, yashitse ahariko harabera imyiyerekano mu kibanza ca Ramses, yavuze ko abiyerekana bashika indwi bishwe, abandi benshi barakomereka akavuga ko amazi yarenze inkombe.

Yavuze ko umwotsi ugaragara uriko urafumba uva mu gice kirimwo ico kibanza.

Mu yindi miji, abantu benshi biciwe mw'itana mu mitwe i Ismailiya na Damietta.

Habaye kandi itana mu mitwe hagati y'abiyerekana n'abajejwe umutekano mu miji ya Tanta na Alexandrie.

Umupolisi yishwe mu gace k'inkengero z'umuji wa Cairo.