Habonetse indwara isa na ebola muri Uganda

Abaganga bari kuvura ebola muri Uganda mu mwaka uheze
Image caption Abaganga bari kuvura ebola muri Uganda mu mwaka uheze

Abajejwe amagara muri Uganda bavuga ko habonetse indwara mu buraruko, ituma abarwayi bituma amaraso menshi, nka kumwe kwa ebola.

Ubushikiranganji bujejwe amagara muri Uganda buvuga ko abantu batandatu bariko bapimwa indwara izwi mu Congereza kw'izina rya Crimean-Congo Haemorrhagic Fever (CCHF).

Ngo abandi bantu batatu bapfuye, bikibazwa ko bahitwanywe n'iyo ndwara, yandukira mu kuribwa n'inyondwe.

Mu mwaka uheze Uganda yabonetsemwo ibiza bibiri vya Ebola, hamwe n'ikindi kiza gisa nayo kizwi kw'izina rya Marburg.