Abanyasyria barahungira muri Irak

  • 18 Ukw’umunani 2013
Impunzi zo muri Syria
Impunzi zo muri Syria

Umuryango w'abibumbye uravuga ko abanyasyiria babarirwa mu bihumbi barimo guhungira mu ntara ya Kurdistan yo muri Irak.

Abanyasyria bagera ku 10,000 ku wa gatandatu bambukiye ahitwa Peshkhabour.

Abo bakaba bariyongereye ku bandi 7,000 bari bambutse ku wa kane.

ONU iravuga ko impamvu ituma bahungira ari benshi mu gihugu cya Irak zitaramenyekana neza.

Abantu baravuga ko ubuyobozi bwo muri iyo ntara n'amashami ya ONU bitaboroheye gufasha abo bantu.

Muri Irak ubundi hari hasanzwe hari impunzi z'abanyasyria 150,000 kuri hafi miliyoni 2 z'abanyasyiria bahunze igihugu cyabo kuva imyigaragambyo irwanya ubutegetsi yatangira.

Izi mpunzi zirahunga ari nyinshi mu gihe i Damas mu murwa mukuru wa Syria biteguye kwakira intumwa za ONU zishinzwe kugenzura intwaro z'uburozi.

Urugendo rw'abo bagenzuzi muri icyo gihugu rwari rumaze igihe rusubikwa.