Abenyecongo bo muri Rusizi bahungiye mu Burundi

  • 19 Ukw’umunani 2013
Image caption Impunzi z'abanyecongo

Impunzi zijabuka mu Burundi ziturutse muri Congo zivuga ko zahunze intambara ziri hagati y'igisirikare ca leta ya Congo n'imirwi yitwaje ibirwanisho mu ntara ya Kivu y'amaj'epfo.

Ishirahamwe Croix Rouge rimenyesha ko ririko rirakora ibishoboka vyose kugira izo mpunzi zironke ivya nkenerwa.

Abahungira mu Burundi bashikira mw'ikambi ya Cishemere mu ntara ya Cibitoke, aho bakiriye izo mpunzi zaje ziva mu Repubulika iharanira demokarasi ya Congo.

Kur'uno mu goroba abanyamakuru ba BBC basanze bamwe bakiriko bariyandikisha abandi batonze ku mirongo barindiriye kuronswa imfungurwa.

Biganiye abo banyamakuru ko icatumye bahungira mu Burundi, ari intambara hagati ya Mai Mai n'ingabo za leta, zigenda zihitanisha n'abanyagihugu aho bibereye mu mihana.

Umuryango ufasha imbabare Croix Rouge umenyesha ko kuva ku munsi wa gatandatu bamaze kwakira impunzi zirenga ku majana 600, abenshi muri bo akaba ari abana n'abakenyezi.

Jean Baptiste Niyungeko ashinzwe gukinga impanuka muri ico kigo Croix Rouge, avuga ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira ngo babaronse ivya nkenerwa.

Musitanteri wa komine Buganda aho izo mpunzi zashikiye, avuga ko kuva ku munsi wa gatanu hari uruja n'uruza rudasanzwe ku rubibe intara ya Cibitoke ihana na Republika iharanira demokarasi ya Congo .

Abajabuka baca basuzumwa ubwo nyene bagishika ku mupaka w'Uburundi, kuko ubwinshi bwabo no kuza ikivunga rimwe na rimwe bishobora gutuma abagizi ba nabi bikika mu kiza.

Umutekano muke urangwa mu gihugu ca Congo utuma impunzi ziva muri ico gihugu zihungira mu Burundi ziguma ziyongera.

Gushika ubu impunzi z'abanyecongo ziri mu Burundi zirenga ibihumbi mirongo ine.