Abantu 27 bahitanywe na gari ya moshi mu Buhinde

Image caption Gari ya moshi yaturiwe inyuma yo guhitana abantu

Abaguye mur'iryo sanganya bariko bajabuka inzira ya gari ya moshi ku gituro cayo, berekeza ku ngoro basengeramwo iri hafi yaho.

Abategetsi mur'ico gisata co gutwara abantu na za gari ya moshi bavuga ko vyagoranye gushoka bamenya igitigiri c'abahasize ubuzima kuber'imibiri yabo yari yononekaye cane.

Inyuma y'iryo sanganya, abantu baciye bakongeza umucanwa iyo gari ya moshi barasahura n'igituro ca Dhamara Ghat, kiri kuri kilometero 180 uva ku murwa mukuru wa leta ya Patna.

Abantu baharurwa mu bihumbi bama bicwa buri mwaka, biturutse ku masanganya ya gari ya moshi mu Buhinde, aho usanga abagenda n'amaguru baca ku mayira ya gari ya moshi mu kujabuka mu bice bitazwi n'amategeko.