Pistorius azotangura kuburana mu mwaka uza

Image caption Oscar Pistorius uno munsi muri sentare

Igihe yasomerwa ikirego, Oscar Pistorius yagaragaye ko ababaye cane, aho yifatanije mu nyuma n'incuti ziwe mu masengesho.

Aremera ko yishe Reeva Steencamp, ariko akavuga ko ryari isanganya, ko yamwitiranije n'uwoba yaramwinjiranye.

Ariko abashikirizamanza bavuga ko bafise ibimenyetso vyinshi vyagiriza Pistorius ko yakoze ubwo bwicanyi kandi yabigambiriye.

Hamwe boramuka bamutsinze, uyu munonotsi kumbure wa mbere rurangiranwa kw'isi mu bahiganwa bafise ubumuga, azoba arindiriwe n'umunyororo utari munsi y'imyaka 25.

Urubanza rwiwe ruzotangura kw'italiki zitatu z'ukwezi kwa gatatu umwaka uza muri sentare nkuru.