Misiri: umukuru wa Freres Musulmans arapfunzwe

General Guide Mohammed Badie
Image caption Amashusho ya General Guide Mohammed Badie amaze gufatwa yerekanywe kuri television yigenga ON TV

Indongozi y'umugambwe Freres Musulmans mu Misiri General Guide Mohammed Badie yafatiwe mu nzu iri Nasr City ku murwa mukuru Cairo, nk'uko abategetsi babivuga.

Badie yari yarinyegeje kuva hasohotse umutahe wo kumufata ku vyaha vyo guhamagarira abanyagihugu kugumuka no kwica.

Abategetsi bihuse gusohora amasanamu ya television amwerekana ari mu munyororo-akaba aboneka nk'umugabo arushe w'imyaka iri hagati na hagati yakase neza ubwanwa bwiwe bw'imvi.

Iigisirikare gishaka kugaragaza aho intsinzi yaco igarukira ku bayoboke ba Freres Musulmans, kikaba cizigiye ako kamaramare kazobaca intege mu biganiro ivyarivyo vyose vya politike.

Umugambwe Freres Musulmans waciye ugena Mahmoud Ezzat ngo umukuru wawo w'imfata kibanza.

Mu Misiri ubu hakora amategeko y'igihugu kiri mu ntambara abitwaza idini rya Islam batemera itembagazwa ku butegetsi rya Mohammed Morsi n'igisirikare bakaba bariko barahigwa.

Intureka zimaze guhitana abantu bashika 900.

ku wa mungu, abitwza idini rya Islam bari mu myiyerekano barapfiriye mu muduga ubajanye mu munyororo i cairo.