Kenya n'Ubushinwa: amasezerano ya miliardi 5 z'ama dollars

Uhuru Kenyatta na Xi Jinping
Image caption Nirwo rugendo rwa mbere Kenyatta agize mu Bushinwa kuva atorwa mu kwa gatatu

Kenya cumvikanye n'Ubushinwa ku masezerano aciye miliardi 5 z'ama dollars n'Ubushinwa y'ibikorwa vy'ibarabara ry'itereni, umugambi w'umuyagankuba hamwe no gukingira inyamaswa,nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Ayo masezerano yahsizweko umukono mu gihe umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta yari mu rugendo rwa mbere mu Bushinwa kuva atowe mu kwezi kwa gatatu.

Umukuru w'Ubushinwa Xi Jinping yavuze ati 'imbaga' za Kenyata zizoshikana Kenya ku ''bintu bikomeye kuruta''.

Kenyatta afitaniye imigenderanire itari myiza n'Uburaya kuko ari imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye kubera intureka yakurikiye amatora yo mu 2007, ivyaha ahakana.

Igihe hariko haraba ukwiyamamariza amatora, ishirahamwe rya Bulaya ryamenyesheje ko rizogiranira imigenderanire mike cane nawe aramutse atowe ngo abe umukuru w'igihugu.

Leta zunze Ubumwe za Amerika nazo zagabishije abanye Kenya ko hazoba 'ingaruka mbi'.

Kenyatta yabagirije kwisuka mu biraba Kenya aca yiyemeza gukomeza imigenderanire n'ibihugu vyo mu buseruko.