David Miranda arondera ko amabanga yiwe atosomwa

  • 20 Ukw’umunani 2013
David Miranda
David Miranda yafatiwe Heathrow ari mu nzira aja Rio de Janeiro

David Miranda, umugabo yafatiwe Heathrow igihe c'amasaha icenda ku wa mungu, ariko araraba ko amategeko yobuza kubuza igipolisi gusoma ibiri mu bikoresho vyiwe vyafashwe.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwashigikiye ifatwa rya Miranda buvuga ko igipolisi gitegerezwa kugira ico gikora iyo cibaza ko umuntu kanaka afise ''amabanga akomeye cane yibwe ashobora gufasha iterabwoba''.

David Miranda,umugenzi w'umumenyeshamakuru wa Guardian Glen Greenwald, yafatiwe ku kibuga c'indege hisunzwe amategeko yo kurwanya iterabwoba.Ikinyamakuru Guardian kivuga ko gishigikiye urwo rubanza ariko ko atarico kiri imbere mu kurushingisha.

Iryo fatwa rya Miranda w'imyaka 28 ryariyamirijwe n'abanyepolitike hamwe n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Bwongereza n'abategetsi ba Brezil.

Uwujejwe gukurikirana ingene amategeko yerekeye iterabwoba ashirwa mu ngiro David Anderson QC yavuze uburebure bw'umwanya Miranda yamaze apfunzwe butari busanzwe aca avuga ko ahava abonana n'igipolisi.

Uwo munye Brezil yafatiwe Heathrow ari mu nzira ava Berlin aja Rio de Janeiro-aho asanzwe abana na Greenwald.

Greenwald yaranditse ku mabanga ajanye n'umutekano yibwe agashirwa ahabona na Edward Snowden yigeze kuba akorera inzego z'igendereza za Leta Zunze Ubumwe za Amerika. .