Misiri: Hosni Mubarak agire arekurwe

Hosni Mubarak
Image caption Hosni Mubarak

Sentare i Cairo mu Misiri yategetse ko uwahoze atwara ico gihugu, Hosni Mubarak, arekurwa vy'agateganyo nyuma y'urubanza yunguruje yaregwamwo ruswa.

Ntibiramenyekana igihe azovira mu munyororo, kuko abashinjacaha bashobora kwunguruza kuri iyo ngingo, ariko abashingwamanza biwe bavuga ko ashobora kurekurwa ejo kuwa Kane.

Baburanye bavuga ko agomba kurekurwa kuko yari yarengeje ikiringo umuntu agomba gufungwa vy'agateganyo, mu rubanza rwa mbere yaregwamwo kwica abari mu myiyerekano yo kumwiyamiriza.

Umunyamakuru wa BBC ari mu Misiri avuga ko iyi ngingo iza kubabaza cane abagiye mu myiyerekano yakuye bwana Mubarak ku butegetsi mu 2011.