Ban Ki Moon ashaka itohoza risesuye muri Syria

Image caption Leta ya Syria iregwa gukoresha ibirwanisho vy'uburozi

Ban Ki Moon yarungitse iDamasi intumwa Angela Kane ajejwe kwambura ibirwanisho, ngo aje gusaba itohoza ryihuta, nk'uko bitangazwa n'umuvugizi wiwe Eduardo del Buey.

Kare ubufaransa bwari bwavuze ko hakenewe icokorwa, hagashirwamwo inguvu.

Hagat'aho, ishirahamwe mpuzamakungu rivuga ko igitigiri c'abana bamaze guhunga Syria, kimaze kugera kuri miliyoni.

Ishirahamwe rijejwe impunzi HCR kimwe n'iryitaho abana UNICEF bivuga ko ico gitigiri giteye isoni, aho bimenyesha ko abandi bana miliyoni zibiri bahungiye hagati mu gihugu.

Abaharanira guhindura ubutegetsi bavuga ko abantu amajana baraye bishwe mu gace ka Ghouta hafi y'umurwa mukuru Damasi.

Leta ya Syria igereranya iryo koreshwa ry'ibirwanisho vy'uburozi n'ibintu bidashoboka, kandi bitagira ifatiro.

Igisirikare ca Syria cemeza ko abakirwanya bavuze ivyo kugira basamaze amakungu yibagire ivyo abo barwanyi baherutse gutakaza mu ntambara.

Ban Ki moon yavuze ko uwariwe wese yokwifuza ko ukuri kumenyekana..

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU aravuga ko ikoreshwa ry'ibirwanisho vy'uburozi, ahariho hose, mu bihe uko vyoba bimeze kose, ryoba riteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu.

Icaha nk'ico gisinzikaza uburenganzira bwa kiremwa muntu, avuga ko cozana ingaruka zikomeye kuwagikoze.

Leta ya Syria, ihakana ikoreshwa ry'ivyo birwanisho, nta kimenyetso cerekana ko ifise inforo yo kwemera ko iryo tohoza rikorwa.

Abarungitswe gukora iryo tohoza, bageze muri Syria ku munsi w'Imana, bakaba bari kuri km 15 y'ahabereye ivyo bitero biheruka, bafise uburengenzira bwo kuja mu bibanza bibiri vyonyene, mu bivurwa ko vyakoreshejwemwo ivyo birwanisho vy'uburozi.

Ivyo bibanza birimwo umuji wa Khan al-Assal, aho abantu 26 bishwe n'ibitero bivugwa navyo ko vyakoreshejwemwo uburozi mu kwezi kwa gatatu.

Perezida Barack Obama aravuga ko inyungu z'igihugu ciwe zishobora kubangamirwa hamwe muri Syria hoba harakoreshejwe ibirwanisho vy'uburozi.

Avuga ko ico coba ari igikorwa guteye impungenge zikomeye.

Bwana Obama avuga ko cohava gitera ikwiragizwa ry'ibirwanihso ruhonyanganda, bigatuma Leta zunze ubumwe za Amerika zikenera gukingira ibihugu somambike vyazo, co kimwe n'ibirindiro vyazo biri mur'ako karere.

Barack Obama yahamagariye leta ya Syria kwemrera intumwa z'ishirahamwe ONU kuja mu kibanza kivugwa ko catewemwo imyuka y'uburozi.

N'Uburusiya buhamagarira Syria kwemerera uwo murwi wa ONU kugira itohoza.