Ibisasu vyahitanye abarenga 29 muri Libani

  • 23 Ukw’umunani 2013
Image caption Umwotsi uboneka hejuru y'abantu bari hanze y'umusigiti mu muji wa Tripoli muri Libani

Amasanamu yaciye kuri television yerekanye imyotsi myinshi cane iduga mu kirere hejuru y'umuji wa Tripoli.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Libani avuga ko ivyo bitero bisa n'ivyari bitumbereye umukuru w'idini wo mu murwi w'aba sunni, inyuma y'amasengesho yo kur'uyu wa gatanu.

Uwo mukuru w'idini Salem Raf'ee, yari yamye ahimiriza abantu kuja mu ntambara yo kurwanya ubutegetsi bwa Syria.

Mu ndwi iheze, igisasu catezwe mu modokari mu karere karwiriyemwo aba shia mu murwa mukuru Beirut, cahitanye abantu 27.