Ubushinwa: Bo Xilai yemeye bimwe mu vyo yagirizwa

Image caption Bo Xilai avanywe muri sentare ya Jinan mu muji wa Chongqing

Bwana Bo yahakanye ibirego ko yakoresheje nabi amafaranga y'igihugu, aho yabwiye sentare ko umugore wiwe yatwaye ayo mafaranga ntiyabimenya.

Yemeye ko "hari uruhara" afise kuko ataco yakoze kugirango agarure ayo mafaranga , aho yavuze ko yumva akozwe n'isoni.

Bwana Bo yaneguye uwo bakoranye yavuze ko Bo ubwiwe yagize uruhara mu kunyuruza amafaranga ya leta y'Ubushinwa.

Yavuze ko imburano za Wang Zhenggang ata fatiro zigira, kandi ko ata muntu muzima yoja kuvugira ivya ruswa imbere y'ivyabona.

Uru rubanza ruvurwamwo umuryango wa Bo Xilai, wahoze mu banyacubahiro ba mbere mu gihugu, rwakwirikiranywe na benshi mu Bushinwa.