Mandela arihangana n'aho akirenvye mu bitaro

  • 24 Ukw’umunani 2013
Image caption Mandela ntaroroherwa ariko arihagararako

Itangazo ryavuye mu biro vy'umukuru w'igijhugu wa Afrika y'Epfo rimenyesha ko ubuzima bwa Nelson Mandela butageramiwe n'ubwo akirenvye.

Amaze amezi abiri n'igice mu bitaro iPretoria, aho yajanywe n'ingwara yo mu bihimba vy'ubuhumekero.

Iryo tangazo risubiramwo ahanini ibivurwa n'abo mu muryango wiwe.

"Aracarenvye, ariko ubuzima bwiwe ntibugeramiwe", n'ijambo rimaze igihe rikoreshwa na leta mu kumenyesha uko Nelson Mandela ameze ah'ari mu bitaro, nk'uko bitangazwa n'umunyamakuru wa BBC Mike Woodridge ari Johannesburg.

Ariko itangazo ry'uno munsi uwo munyamakuru avuga ko har'ico ryongerako, nko kubona ko umenga ashobora kwakura.

Abaganga ngo baracagerageza gukora bashimitse kugira mamufashe kugarura amagara yiwe, kandi bigaragaza ko atakibangamiwe.

Perezida Jacob Zuma yari agiye mu rugendo muri Malaisiya, yasavye abanyagihugu gukomeza gusengera bwana Mandela no kumuzirikana igihe cose.

Bwana Mandela yagiye mu bitaro kw'itariki umunani z'ukwezi kwa gatandatu.