Iraq: Ibitero vy'ibisasu vyahitanye 41

Image caption Ibisasu muri Baghdad

Ku murwa mukuru Baghdad niho hababaye kuruta ahandi, no hagati mu muji wa Baquba, ahatewe ibisasu vyinshi.

Ubugizi bwa nabi bwabaye mu kwezi kweranda kwa Ramazani, kwarangiye mu ntango z'uku kwa munani, bwahitanye abarenga 670.

Igitigiri nk'ico c'abapfuye mu kwezi kumwe gusa nticaheruka kuboneka.

Kwiyongera kw'abahitanwa n'intambara kuje mu gihe hari ubushamirane bukomeza kwiyongera hagati y'imirwi y'aba islamu b'aba sunni n'aba shia.

Aba sunni bavuga ko bakumirwa na leta y'aba shia y'umushikiranganji wa mbere Nouri Al Maliki.

Muri Baquba honyene hatewe ibisasu bine, bibiri bikavurwa ko vyatota ahabera ubukwe bw'aba shia.

Ibitero hagati y'imirwi itandukanye vyahitanye abagera ku 4000 muri Iraq uyu mwaka honyene.

Ubu bugizi bwa nabi bwateye impungenge ko hashobora gusubira kwaduka indyane zifatiye ku mirwi y'amoko no kuri politike nk'uko vyari kugeza mu 2008.