Misiri: Hosni Mubarack yasubiye muri sentare

Image caption Hosni Mubarack

Bwana Mubarack ariko akurikiranwa mu rubanza yagirizwamwo uruhara mu bwicanyi bwahitanye abari mu myiyerekano yo kumwiyamiriza mu 2011.

Yicaranye mu kibanza c'abiregura n'abahungu biwe babiri, uwahoze ar'umushikiranganji w'intwaro yo hagati, n'abandi batandatu bari bakuriye abajejwe umutekano.

Imbere yaho, urubanza rw'abagirizwa bo mu mugambwe Muslim Brotherhood rwari rwigijwe inyuma.

Abagize intahe bakebukanye mu nyuma bafata ingingo yo kurwigizayo kubera Mohammed Badie, Khairat al-Shater na Rashad Bayoumi n'abandi 32 batari bitavye ku mvo z'umutekano.

Vyasabwe ko bokwitaba igihe urubanza ruzosubira guhamagazwa kuwa 29 z'ukwezi kw'icumi.

Abategetsi ba Muslim Brotherhood bagirizwa ko aribo batumye ubwicanyi bw'abari mu myiyerekano bateye icicaro gikuru ca Islamic Movement muri Cairo kuwa 30 ukwezi kwa gatandatu, igihe miliyoni z'abantu bihereza amabarabara basaba ko Mohammed Morsi atanga imihoho.

Mohammed Morsi yaciye akurwa inyuma y'iminsi itatu, akaba apfunzwe vy'agateganyo, mu gihe agikorwako itohoza ku bijanye n'uburyo yatorotse mu mvuto mu gihe co kwiyamiriza Hosni Mubarack.

Aregwa kandi no gufatanya n'umuhari Hamas w'abanyapalestina.