Umukuru wa Afghanistan ababajwe n'ubwicanyi

  • 27 Ukw’umunani 2013
Hamid Karzai
Hamid Karzai

Umukuru w'igihugu wa Afghansitan Hamid Karzai yateye ivyatsi ubwicanyi bwakorewe abanyagihugu 12 buregwa aba Taliban.

Ibi yabimenyesheje mu gihe yari mu biganiro amazemwo iminsi ibiri n'umushikiranganji wa mbere wa Pakistan, Nawaz Sharif.

Batandatu mu bishwe bari abakora mu mugambi wa leta ujejwe guteza imbere akarere ko hagati mu gihugu, abandi bari abashoferi ba leta.

Bwana Karzai yavuze ko aba Taliban, n'abo yise abababwiriza bo hanze y'igihugu, bashaka kugumiza igihugu ciwe mu bukene.