Syria: Amerika ishobora gutera igihe ico arico cose

Chuck Hagel
Image caption Chuck Hagel

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa leta zunze ubumwe za Amerika, Chuck Hagel, yabariye BBC ko igisirikare citeguriye gutera, Obama aramutse atanze iryo tegeko.

Bwana Hagel yavuze ko ibikoresho vy'igisirikare bimaze gutegurwa kugira bashire mu ngiro ingingo iyo ariyo yose umukuru w'igihugu yohitamwo.

Yavuze ko kuriwe bibandanije kwigaragaza ko leta ya Syria ari yo yagavye igitero c'ibisasu vy'ubumara mu ndwi iheze, ngo ariko Amerika izorindira irabe ico ibimenyetso vyerekana.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yahamagaje inama nshingamateka ngo yige ku cokorwa.

Umuvugizi wiwe avuga ko bariko barihweza gukoresha igisikare nk'inyishu ku vyabaye muri Syria.

Umuvugizi wa bwana Cameron yavuze kandi ko iyo inyishishu izoba ingana n'uburemere bw'ivyabaye, yongerako yuko bari mu biganiro vyo kwihweza ingene vyoja mu ngiro.

Uburusiya n'Ubushinwa biragabisha

Kare Uburusiya n'Ubushinwa vyasubiye kugabisha abashaka kwinjira mu ntambara ya Syria; umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire yavuze ko ico cose coza gica inyuma y'icemezo c'inama ya ONU ijejwe umutekano, cogira inkurikizi mbi.

Ibiro vy'Ubishinwa bitara amakuru, Xinhua, vyavuze ko ibihugu vy'ibihangange vy'i Buraya biriko birafata ingingo huti huti, abagenduzi ba ONU bataraheza itohoza ryabo.