Misiri: Abashigikiye Morsi basubiye mw'ibarabara

Imyiyerekano mu Misiri
Image caption Imyiyerekano mu Misiri

Abashigikiye uwahoze atwara Misiri yatembagajwe, Mohammed Morsi, basubiye mu myiyerekano ya mbere ikomeye mu ndwi zibiri.

Umutekano wari wakajijwe mu kuzibira ibibanza bimwe bimwe mu muji wa Cairo hamwe n'ahandi hagomba kubera imyiyerekano.

Habaye itana mu mitwe mu bice bimwe hagati y'abajejwe umutekano n'abashigikiye umugambwe Muslim Brotherhood mu buraruko bwa Cario hamwe no mu muji wa Alexandrie.

Leta ishigikiwe n'igisirikare iramaze guta muri yombi benshi mu barongozi ba Brotherhood, uwuheruka gupfungwa akaba ari Mohamed Beltagi, yafashwe kuwa Kane.

Uwo mugabo niwe yahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza igisirikare nyuma y'ikurwa ku butegetsi rya bwana Morsi mu kwezi guheze.