Syria: Umwe mu bategetsi yahunze

Abasirikare ba Syria

Abarwanya ubutegetsi muri Syria bavuze ko umwe mu bayobozi bakuru ba Syria wari mu murwi ukora iperereza ku ntwaro z'uburozi zakoreshejwe i Aleppo, yahungiye mu gice cy'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Uwo mugabo ngo niwe warushinzwe itsinda ry'abagenzura imiti i Aleppo.

Abatavuga rumwe na leta bavuze ko uwo mugabo aza gutanga ikiganiro ku banyamakuru i Istanbul ku murwa mukuru wa Turukiya.

Kare ibiro bishinzwe iperereza by'Ubudage, BND, byunganiye iby'Amerika, Ubwongereza n'Ubufaransa mu kuvuga ko leta ya Syria yakoresheje intwaro z'uburozi mu gitero yagabye i Damsiko mu kwezi gushize.