Leta ya Congo isabwa kongera kuganira na M23

  • 5 Ukw’icenda 2013
Image caption Irondo ry'ingabo za MONUSCO mu buseruko bwa Congo 29/09/2013

Abategetsi b' ibihugu vy'akarere k'ibiyaga binini bari mu nama ikampala bavuze kw'ivyo biganiro hagati ya leta ya Kinshasa na M23 bitorenza ikiringo c'indwi zibiri.

Ibiganiro vyari vyatanguye hagati ya leta ya Congo n'uwo muhari M23 mu ntumbero guhagarika intambara, vyarahagaze kuva mu kwezi kwa gatanu.

President wa Uganda Yoweli Museveni, ayoboye inama y'akarere, yavuze ko kuvyura ivyo biganiro vyocira inzira amahoro.

Icuka kibi cakomeje kwiyongera mu karere, aho Urwanda rwagirije Congo ko Yarashe ku butaka bwarwo.

Urwanda, rwagirizwa gufata mu mugongo umuhari M23, rwashize ingabo ku rubibe bihana na Congo.

Ku ruhande rw'umurwi M23 bo bavuga ko biteguye gutangura ibiganiro na leta ya Kinshasa, ndetse n'intumwa zabo ngo ziri iKampala.