Australia: Tony Abbott yatsinze amatora

Amatora yo muri Australia

Umushikiranganji wa mbere mushya wa Australia, Tony Abbott, amaze gutsinda amatora yijeje abanyaAustralia ko azashyiraho leta yizewe kandi ifite ubushobozi.

Bwana Abbott wo mw'ishyaka Liberal-National yatsinze uwarusanzwe ari umushikiranganji wa mbere Kevin Rudd wo mw'ishyaka Liberal-Conservative.

Akanama gashinzwe amatora kavuze ko ku majwi arenga bitatu bya kane by'amajwi yose, bimaze kubarurwa, bwana Abbot ngo amaze gutsindira ubwinshi mu nteko nshingamateka.

Bwana Rudd yasubiye mu mwanya w'umushikiranganji wa mbere mu mpera z'ukwezi kwa 6 gushize amaze gutsinda Julia Gillard mu matora yabaye mw'ishyaka ryabo.