Syria: Amerika ivuga ko umugambi w'Uburusiya ushoboka

  • 12 Ukw’icenda 2013
intambara muri Syria
Intambara muri Syria imaze imyaka irenga ibiri

Umugambi w'Uburusiya wo gusambura ibigwanisho vy'uburozi vya Syria 'urashoboka ariko uragoye' nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Amerika.

Aba ministre b'Uburusiya na leta Zunze Ubumwe za Amerika bitegekanijwe ko bahurira mu biganiro i Geneve kugira bavugane uwo mugambi, utegekanya ko ibigwanisho vya Syria vyoshikirizwa abagenduzi mpuzamakungu.

Impande zompi zagiye zitwaje imigwi y'abahinga, bavuga ko ugusambura ivyo bigwanisho bishobora gyfata igihe kirekire kandi bikaba ibintu bisaba bitoroshe namba.

Leta zunze Ubumwe za Amerika zigiriza leta ya Syria kuba yarisha abantu amajana n'majana mu gitero ca gaz y'uburozi cabaye ku wa 21 ukwezi kw'umunani.

Leta ya Syria irahakana kuba yarakoresheje ivyo bigwanisho.

Umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin ubwiwe yateye akamo Abanyamerika ku kibazo ca Syria.

Yanditse mu kinyamakuru New York Times ko igitero kuri Syria gishobora gutuma haduka umupfunda mushasha w'ibikorwa vy'iterabwoba.

Leta zunze ubumwe za Amerika zari zagabishije ko zishobora gutera Syria zagiriza lerta y'ico gihugu kuba yarishe abantu barenga 1400 ikoresheje ibigwanisho vy'uburozi kw'itariki 21 ukwezi kw'umunani.

Putin, asanzwe acuditse cane na leta ya Damas, yatanze iciyumviro c'uko Syria yoshikiriza ibigwanisho vy'uburozi ifise.

Amerika n'Uburusiya bitegekanya guhura kugira bivugane uwo mugambi.

Syria, ihakana kuba yarakoresheje ivyo bigwanisho, yaremeye nibura kuri bimwe bimwe, ibiri muri uwo mugambi w'abarusiya.

Iyo nzira y'ingene amakungu yotora umuti w'ikibazo c'ibigwanisho vy'uburozi vya leta ya Syria yatumye prezida Barack Obama aba arabangira ku gitero ca gisirikare kuri leta ya prezida Assad wa Syria.