Iraq: igisasu cahitanye abari gushingura

Image caption Igisasu caturitse ku maziko iMosul

Igisasu caturikiye hafi y'umuji wa Mosul, mu ntara ya Nineveh, inyuma y'ikindi caraye gituritse mu muji wa Baquba

Indyane hagati y'imirwi y'amoko zakomeje kurwira kuva mu myaka iheze.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko Nineveh yabaye ikirimbiro ry'abarwanyi bo mu murwi w'aba islam b'aba sunni.

Abantu barenga ibihumbi bitanu barishwe muri iraq kuva mu ntango z'uyu mwaka, amajana munani muri bo bakaba bishwe mu kwezi guheze honyene, nk'uko bivurwa n'ishirahamwe mpuzamakungu.

Igitero c'uno munsi kibaye mu gihe hari ikindi caraye gihitanye abantu 30 hafi y'umusigiti w'aba sunni hagati mu muji wa Baquba.