Igipolisi cahanganye n'abigisha muri Mexico

Image caption Igipolisi cahanganye n'abigisha mu kibuga ca Zocalo

Igipolisi muri Mexico carinze gukoresha imyuka irakira mu gukura abigisha mu kibuga ca Zocalo, aho bagerageje kunana mu gukoresha amabuye.

Leta yavuze ko ishaka gutegura ico kibuga kuber'ihimbazwa ry'umunsi wo kwibuka intahe yo kwikukira ryegereje.

Umurwa mukuru wa Mexico wakomeje kuberamwo imyiyerekano y'abigisha biyamiriza ingingo ya leta yo gusubiramwo gutunganya gushasha igisata c'indero.