Umwumvikano ku birwanisho vya Syria

Image caption Ibiganiro ku birwanisho vya Syria

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze ubumwe za Amerika John Kerry, yamenyesheje ko yumvikanye na mugenziwe w'Uburusiya Sergei Lavrov, ku birwanisho vya Syria.

Muri uwo mwumvikano, Syria ngo ibwirizwa gushikiriza urutonde rw'ibirwanisho vyayo mu kiringo c'indwi imwe.

Syria kandi yasabwe guca iha uburenganzira abahinga mw'igenzura ry'ibirwanisho, bwo kubisuzuma, bitarenze mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Bwana Kerry yavuze ko intumbero ari ugusambura ibirwanisho vyose vy'uburozi Syria ifise, bitarenze hagati mu mwaka uza wa 2014.

Umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavrov, yamenyesheje ko uwo mwumvikano ugizwe n'ingingo zitandatu, ataho uvuga ko hazokoreshwa inguvu niyo Syria itavyemera.

Ariko rero ngo ingingo yose yo gukoresha inguvu yobanza kwihwezwa n'inama y'umutekano kw'isi.

Leta ya Bashar al Assad, irahakana ivyo irerwa ko yakoresheje ibirwanisho vy'uburozi, igatunga agatoki abayirwanya, ko aribo bagavye igitero co kuwa 21/08/2013.

Bwana Kerry na bwana Lavrov bavuze ko Syria hamwe yonanirwa gukurikiza ivyo basezeranye, ingingo iri mu gice ca ndwi c'amasezerano ntabanduka y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yoca ikurikizwa, ayo nayo akaba ateganya gukoresha inguvu.

Uburusiya na leta zunze ubumwe za Amerika bikeka ko Syria ifise ibirwanisho vy'uburozi n'ibindi bikoreshwa hamwe, bingana n'amatoni igihumbi.

Abategetsi ba Leta zunze ubumwe za Amerika bemeza ko ivyo birwanisho bikwiragiye mu bibanza 45, vyose biri mu minwe ya leta.

Ariko ntibumvikanye n'Uburusiya ku gitigiri c'ivyo bibanza, n'uko vyoba bigenzurwa.

Ayo masezerano bagiranye ateganya ko abagenzuzi bazoba bamaze kuja kubisuzuma aho biri imbere yo mu kwa cumi na rimwe.