Iraq: ibisasu vyahitanye abarenga 20

Image caption Ibisasu vyongeye guhitana abantu muri Iraq

Umuji wa Hilla uri mu bumanuko bwa Baghdad niwo waguyemwo abantu benshi, aho ibisasu vyatezwe mu modokari zibiri vyahitanye abantu icenda mu kibanza kirimwo isoko.

Ibindi bisasu vyaguye muri Baghdad nyene no muri Basra, hamwe na Nasiriya na Karbala mu bumanuko bw'igihugu.

Ubwicanyi hagati y'imirwi itandukanye bukomeje kwiyongera, aho muri aya mezi bwahitanye abantu benshi kuruta uko vyari kuva mu 2008.