Abasirikare ba Philippines bazingirikiye abarwanyi

  • 15 Ukw’icenda 2013
Image caption Abasirikare ba Philippines

Abitwaje ibirwanisho bari bifatiye abanyagihugu ijana babagira ingwati, ariko benshi muri bo baramaze kurekurwa.

Uwitwa ko ari umukuru wabo, umunyapolitike yahoze ari inyeshamba Nur Misuari w'imyaka 71, nta kintu aravuga kuva bugarijwe.

Leta yagerageje gufasha mu mwumvikano kugirango aronke aho aca ava mur'uwo muji wa Zamboanga.

Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko ashavujwe n'uko uwo muhari w'abitwaje ibirwanisho wahoze ar'umugambwe ukomeye 'Moro National Liberation' (MNF) wakumiriwe mu biganiro vy'amahoro na leta.

Mu kwezi guheze yatangaje ko igice cose c'ubumanuko bwa Philippines ari leta yigenga, aho abo barwanyi bashatse kuja ku murwa mukuru w'iyo ntara.

Abo barwanyi bageze Zamboanga ku munsi wa mbere n'ubwato, bashaka kuhashinga iberendera.

Aho bananiriwe kuhigarurira baciye bafata abantu ingwati.

Abasirikare bavuga ko babagavye ko igitero ku munsi wa gatanu, aho abo barwanyi batanguriye guturira amazu no gukomeretsa abanyagihugu n'abandi bagiraneza.