Rwanda:amatora y'abashingamateka

  • 16 Ukw’icenda 2013
Abarindiriye gutora
Imirongo yari miremire igihe amatora yantagura isaha imwe yo mu gitondo

Abanyarwanda uno munsi bitavye amatora y'abashingamateka aho umugambwe usanzwe ku butegetsi, FPR, witezwe gutahukana nyinshi mu ntebe.

Ibarura vy'amajwi ryatanguye, ivyavuye mu matora bikazotangazwa kuri uyu wa kabiri

Umugambwe wa prezida Paul Kagame wari ufise 42 mu bashingamateka 53 batorwa n'abanyagihugu mu nama yahahora.

Kubera hari ibitigiri bitegerezwa kwubahirizwa, URwanda nico gihugu conyene aho abagore aribo benshi mu nama nshingamateka.

Ayo matora abaye haheze iminsi ibiri hari abantu 2 bishwe n'ibisasu vya grenades vyatewe ku murwa mukuru ,Kigali.

Nta mugwi wavuze ko ariwo wakoze ivyo bitero ariko abategetsi bavyegetse ku gatwe ka FDLR yagirizwa kuba yaragize uruhara muri genocide yo mu 1994.

Leta y'umugambwe FPR ikunze gushimwa yo yagaruye umutekano n'amahoro mu gihugu ikanatuma haba iterambere ryihuta mu Rwanda kuva habaye ayo mahano yo mu 1994 aho abantu barenga ihumbi 800 na cane cane b'abatitsi bivugwa ko bishwe.

Iyindi migambwe(amashyaka) itatu nayo yitavye amatora , ibiri muri iyo ikaba ibonwa nka soma mbike ya FPR.

Abategetsi b'umugambwe ugira kane , PS Imberakuri, babwiye BBC ko abawushigikiye baburabujwe mu gihe co kwiyamamaza, ivyo umugamwe FPR ukaba ubihakana.

Uwundi mugambwe, FDU Inkingi, ntiwashoboye kwiyandikisa muri ayo matora.

Indongozi yawo, Victoire Ingabire, yaciriwe urubanza mu mwaka uheze yagirizwa ibikorwa vy'iterabwoba, ivyo akaba abihakana avuga ko bifatiye ku mvo za politike , urubanza yunguruje rukaba rukomeza muri sentare ntahinyuzwa.

Umunyamakuru wa BBC Prudent Nsengiyumva avuga ko hari imironngo miremire igihe ibiro vy'amatora vyugururwa isaha imwe yo mu gitondo kuko abantu bashaka gutora kare hanyuma ngo bace baja ku kazi.

Ariko amabarabara aratekanye cane, amazu yo gucuruza menshi akaba yari yugaye mu gihe abakozi baba bari gutora.

Intebe 24 kuri 80 zihariwe abagore, urwaruka hamwe n'abagendana ubumuga.