Syria:Ubufaransa, Ubwongereza na Amerika bishaka ingingo ikomeye

William Hague,Laurent Fabius na John Kerry
Image caption Laurent Fabius: iyo ingingo yerekana ibizoba hamwe Syria itokora ivyo yemeye

Ubufaransa, Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika biriko birarondera ko hoboneka ingingo ikomeye cane ku gihugu ca Syria ifise ingaruka zihambaye hamwe Syria itotanga ibigwanisho vyayo vy'uburozi, nk'uko vyavuzwe na ministre w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire Laurent Fabius.

Ariko Uburusiya bwagabishije ko kuremera Syria bishobora kwononera uymugambi w'amahoro.

Hakurikijwe amasezerano yumvikanyweko na Amerika n'Uburisiya ,Syria yemeye kwerekana ibigwanisho vyose vy'ubumara ifise mu kiringo c'indwi imwe hanyuma ikaba yabisambuye vyose gushika hagati mu mwaka wa 2014.

Amerika yagabishije kugaba ibitero vya gisirikare kuri Syria.

Leta ya Prezida Bashar al Assad iguma ihakana kuba ariyo yagavye igiteeo c'ibigwanisho vy'uburozi ku wa 21 ukwezi kw'umunani cahitanye abantu amajana n'amajana ahubwo kikagiriza abayigwanya kuba arivo babikoze.

Abagenduzi ba ONU bashitse ahabereye ico gitero bitezwe gutanga icegeranyo cabo kuri uyu wa mbere n'ubwo mu vyo bashinzwe hatarimwo kwagiriza uwabikoze.

Hagati aho amatohoza y'ishami rya ONu rijejwe agateka ka zina muntu i Geneve yerekana ko hakoreshejwe ibigwanisho vy'uburozi akatari gake mu bindi bihe.

Ivyaha vyo mu ntambara harimwo kwica abantu ikivunga, gusambanya ku nguvu hamwe no kwica urubozo ngo birabandanya ukurikije ayo matohoza.

Abakoze ayo matohoza bavuga ko bikenewe ko ivyo vyaha bishikirizwa Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha.