Washington hishwe abantu nibura 12

abapolisi ba Amerika
Image caption Abapolisi baciye binjira mu nyubakwa kurondera uwariko ararasa

Igipolisi kivuga ko abantu nibura 12 bishwe abandi batari bake barakomereka igihe harasa amasasu y'ikivunga mu kibanza ca Washington Navy Yard , ahantu harangurirwa ibikorwa vy'ingabo zo mu mazi ku murwa mukuru wa leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umukuru w'igipoilisi muri ico gisagara, Cathy Lanier, yavuze ko abantu nibura babiri bafise inkoho bashobora kuba batari bwatorwe;mu gihe uwundi ashobora kuba yari muri bafise inkoho we yishwe.

Yavuze ko atacerekana ico cavyuyeko, ariko kandi ko ata gituma co kwibaza ko ari igitero c'iterabwoba.

Prezida Obama yahojeje abahuye n'ivyo vyago. Abakozi bariko barashika ku kazi gihe amasasu ya mbere yavuga.