Muri Kenya abitwaje inkoho barashe mu maduka

Abapolisi bariko barasana n'abantu bitwaje inkoho ahitwa Westgate muri district ya Westlands, hamwe mu bibanza vy'amaduka bizinvye cane mur'ico gihugu.

umukuru w'igipolisi ca Nairobi, Benson Kibue, yabwiye iyandikiro ry'amakuru AP ko bene kurasa bariko bagerageza kwiba mw'iduka rimwe ryo mur'ico kibanza.

Abari gusuma batewe n'ubwo bahunga ico kibanza, aho babiri muri bo bivurwa ko bakomeretse.

Iyandikiro ry'amakuru rya Reuters riravuga ko ryaganiriye n'umwe mu bariho yemeje ko yabonye ibiziga bitanu.

Amakuru aravuga kandi ko hatewe n' ibisasu vya grenades muri ico kibanza.