Ibirwanisho vya Syria vyasuzumwe.

  • 21 Ukw’icenda 2013
Image caption Abasuzuma ibirwanisho vya Syria

Ico kigo kivuga ko n'ubu kiciteze ibindi gihabwa na Syria mu kudondora ivyo birwanisho itunze, imbere y'uko isango ntarengwa yahawe rigera uno munsi.

Syria kandi itegerezwa kuranga ububiko bw'ibirwanisho vyayo, aho ibihingurira n'aho ikorera ubushakashatsi kuri vyo.

Bitabaye uko Syria ngo ikwiye kwitegurira guhangana n'ibihano vy'ishirahamwe mpuzamakungu.

Ibihugu bitanu ntayegayezwa mu nama nkuru y'umutekano kw'isi, ntibirumvikana ku ngingo yo kwambura ibirwanisho Syria, mu gihe Uburusiya n'ubu butaremera ko hakoreshwa inguvu.