Leta ya Pakistani yarekuye umu Taliban

  • 21 Ukw’icenda 2013
Image caption Aba taliban bo muri Afghanistani

Iyo nkuru yakiriwe neza na leta ya Kabul, ibona ko ari umwe mu ba Taliban bafise ishaka ryo kuganira.

Umwe mu bategetsi ba Afghanistani yavuze ko Mullah Baradar yahoze ar'icegera c'umutwe w'aba Taliban, ari ambasaderi w'amahoro.

Ariko rero, abanyamakuru bavuga ko bitaramenyekana neza ubushobozi afise bwo kugondoza abo muri uwo mutwe w'aba Taliban.

Yari yafatiwe Karashi mu mwaka wa 2010.