Ubudagi:Angela Merkel mu biganiro vyo gushinga leta

Image caption Angela Merkel ari gutora

Ministre wa mbere w'Ubudagi, Angela Merkel avuga ko imiryango yuguruye ku biganiro vyo gushinga urunani rushasha rwa leta hamwe n'umugambwe wa mbere w'abakeba ba Social Democrats.

Merkel yatsindiye ikingo ca gatatu co kuyobora Ubudagi ku wa mungu gutyo ashikana umugambwe wiwe wa Chirtian Democrats ku gihe caco ca mbere ciza kuva Ubudagi bwasubira kwiyunga mu 1990. Ariko abo bari basanzwe bafatanije leta vyarababananiye kuronka amajwi yo kuguma mu nama nshingamateka.

Abanyamakuru bavuga ko umugambwe w'aba Social Democrats bazokorana impungenge nyshi ibiganiro ivyarivyo vyose vyo kuja muri leta ; baracibuka ingene batsinzwe bibi mu 2009 ubwo bari bafise uruhara ruto mur8i leta ya mbere ya Merkel.

Angela Merkel yavuze ko iyo ntsinzi iteye akanyamuneza. ,