Misiri: Freres Musulmans yaciwe

Uwushigikiye Freres Musulmans
Image caption Abashigikiye umugambwe Fres Musulmans ntibumvikana na leta kuva hakuwe prezida Mohammed Morsi

Sentare mu misiri yafashe ingingo yo guca umugambwe Freres Muslmans ku gikorwa icarico cose mu gihugu, ica inategeka ko wakwa ivyo utunze vyose.

Leta ishigikiwe n'igisirikare imaze gufata ingingo nyinshi zikomeye kuri uwo mugambwe kuva Mohammed Morsi wo muri uwo mugambwe atembagajwe ku butegetsi mu kwesi kw'indwi.

Kuva icoi gihe Freres musulmans uja imbere mu kurwanya leta.

Abantu amajana n'ajana bawushigikiye barishwe abandi barafatwa igihe ingabo za misiri zashiragiza n'inguvu nyinshi abari bamaze iminsi mu myiyerekano.