Obama yabariye Irani gushira amajambo mu bikorwa

Barack Obama
Image caption Barack Obama

Mw'ijambo yashikirije inama rusangi ya ONU, umukuru wa Amerika Barack Obama yavuze ko ibivugwa na Irani bigomba kugeragezwa.

Bwana Obama yavuze ko ahabwa ingoga n'ukwicisha bugufi kw'umukuru mushasha wa Irani, Hassan Rouhani, ngo kandi yabwiye umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire, John Kerry, kurondera umwumvikano.

Yavuze ko leta zunze ubumwe za Amerika zishaka gukemura ikibazo ca nucleaire mu mahoro ngo ariko bagomba kubuza Irani guhingura ibirwanisho ruhonyanganda.

Mu ntango za kuno kwezi, bwana Obama yandikiranye amakete n'umukuru w'igihugu Rouhani.

Bwana Obama kandi yasavye ko amakungu ashika ku mwumvikano ukomeye ubwiriza Syria gukora ivyo yemeje igasambura ibirwanisho vy'ubumara ifise, itabikora hakaba inkurikizi.