BBC: Abateye Westgate barahacururiza

  • 27 Ukw’icenda 2013
Isoko rya Westgate i Nairobi nyuma y'igitero
Image caption Isoko rya Westgate i Nairobi nyuma y'igitero

BBC yahawe amakuru n'abo mu nzego z'umutekano avuga ko mu ndwi zabanzirije igitero kuri Westgate, abarwanyi bakoteshejemwo ikibanza co kudandaza.

Ibi vyatumye abarwanyi ba Al Shabaab yo muri Somalia bashobora gushika kuri za ascensseurs, bashobora kurunda ibirwanisho n'amasase.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano yahawe BBC, avuga ukuntu abo barwanyi bahinduye ibirwanisho mw'ijoro ryo kuwa Gatandatu, bakoresha inkoho ziremereye igihe abasirikare basubirira abapolisi mu kubarwanya.

Kare abakuru mu bajejwe umutekano muri Kenya batumweko n'umugwi w'inama nshingamateka uraba ibijanye n'umutekano, ngo bawitabe kuwa Mbere babazwe ibijanye n'igitero ca Westgate.

Umukuru w'uwo mugwi yavuze ko hageze kumenya abobibazwa n'amakosa yakozwe.

Nta bindi biziga

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Joseph Ole Lenku, yavuze ko ata kindi kiziga baratora muri iryo soko, ngo igitigiri c'abapfuye kiracari mirongo itandatu n'indwi, bagizwe n'abanyagihugu hamwe n'abajejwe umutekano.

Abajejwe intwaro mu ntango baranavuze ko batanu mu bagavye igitero bishwe.

Bwana Lenku kandi yagabishije yuko Kenya itazoterwa ubwoba n'amajambo ya al Shabaab ayisaba gukura abasirikare bayo muri Somalia.