Abanyeshure barashwe basinziriye muri Nigeria

Ishure ryatewe muri Nigeria
Image caption Ishure ryatewe muri Nigeria

Abantu vyibazwa ko ari abarwanyi ba ki Islam bateye ishure mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria bica abanyeshure bashika 50.

Abo banyeshure barashwe baryamye mu buraro bwabo kuri College of Agriculture muri leta ya Yobe.

Uburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria buri mu mategeko y'ibihe bidasanzwe mu gihe abarwanyi ba ki Islam bo mu mugwi Boko Haram bagisibije.

Boko Haram irwanira gutembagaza leta ya Nigeria igashirako ubutegetsi bugira ku mategeko ya Islam akaze, ikaba imaze kugaba ibindi bitero ku mashure.

Igitigiri c'abaguye muri iki gitero ntigitangwa kumwe, ariko umunyepolitike wo muri iyo ntara yabariye BBC ko abanyeshure bashika ku miringo itanu aribo bishwe.

Uwo munyepolitike yavuze ko imiduga ibiri minini yuzuye ibiziga yashitse ku bitaro vy'umurwa mukuru wa leta ya Yobe, Damaturu.